Akamangu H1N1 2009

Kuva Wikipedia
Virus
H1N1 navbox
Vaccin mot H1N1 eller svininfluensan

Akamangu H1N1 2009 (izwi kandi ko ari “akamangu k’ingurube”) n’umugera mushasha ushobora kurwaza abantu. Umugera w’akamangu H1NI 2009 wandukira umuntu ku muntu nk’akamangu kaza rimwe mu mwaka. Kw’italiki ya 11 Ruheshi mu mwaka w’i 2009, Ishirahamwe Mpuzamakungu Ryo kw’Isi Yose Rijejwe Amagara y’Abantu ( WHO )ryanditse ko hateye ikiza c’indwara y’akamangu H1N1 2009. Ivyo n’ukuvuga ko umugera w’akamangu H1N1 wariko urandukira umuntu ku muntu mu bihugu vyishi.

Hari imirwi myinshi y’imigera itera indwara y’akamangu. Imwe yose bayiha izina bakurikije ibihimba vyayo. Umugera wa H1N1 bawise ubwambere “akamangu k’ingurube” kubera ugizwe n’ibice bibiri vyayo biva ku migera itera ingurube zikarwara. Indwara y’akamangu H1N1 2009 s’ico kimwe kubera irafise ibice biva ku migera y’akamangu gatera inyoni zishobora gufata n’ibice vy’imigera y’akamangu gatera abantu bakarwara. Kubera ko H1N1 ifise ibice vy’imigera idatera indwara ingurube bayita H1N1 aho kuyita “akamangu k’ingurube.”