Bujumbura

Kuva Wikipedia
Bujumbura

Bujumbura ni umurwa mukuru w'igihugu c'Uburundi mu vyerekeye Ubutunzi.

Bujumbura ni umurwa mukuru w'uburundi muvyerekeye Ubutunzi inyuma y'aho Gitega ibaye umurwa mukuru wa politike. Nico gisagara cambere kinini mu Burundi kigatera caguka. Muri 2008 cari gifise uburinganire bungana n'ibirometero kwadarato 87 ubu naho kikaba kigeze ku birometero kwadarato 127. Ico gisagara cahora gifise ama komine 13 Ubu naho kikaba gifise ama komine 3 inyuma y'ingaburo nshasha y'ico gisagara. Ayo makomine atatu akaba ari Muha, Mukaza na Ntahangwa. Komine Ntahangwa ikaba iherereye mu buraruko bw'ico gisagara ikagarukira ku ruzi Ntahangwa, komine Mukaza nayo ikaba iherereye hagati, ikaba iri hagati y'uruzi Ntahangwa na Muha.Komine Muha Iherereye mu bumanuko bw'ico gisagara igahera ku ruzi Muha itera imanuka.

Bujumbura nyene kikaba arico gisagara kirangwamwo ikibuga c'indege mpuz' amakungu Melchior Ndadaye.

Bujumbura
BujumburaAirport

[1]

Mubijanye na kahise naho Igisagara ca Bujumbura, ku Badagi n'aba Birigi citwa Usumbura kikaba carigisagara c'ibihugu bibiri navyo bikaba vyari Uburundi n'Urwanda. Ariko inyuma y'ukwikura kw'igihugu harabaye ihinduka kuko ivyo bihugu bibiri vyari igihugu kimwe kikaba citwa Rwanda-Urundi, igisagara kikaba Usumbura ikaba ari Bujumbura. Rero inyuma y'ukwikura uburundi bwaciye bwitwa Burundi hama igisaga caco citwa Bujumbura.




Leo 2 Bujumbura (5846644762)