Jump to content

Cherif Mohamed Aly Aidara

Kuva Wikipedia
Cherif Mohamed Aly Aidara

Cherif Mohamed Aly Aidara ni umunyasenegal asanzwe arongoye idini Shi’I azwi cane kugikorwa ciwe c’iterambere mpuzamakungu m’uburaruko bw’Afrika. Azwi neza nk'umuntu aserukira idini Shi’I muri Senegal na Afrika y’uburaruko.[1]

Ubuzima bwakera n’umuryango

[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]

Mukivyaro kivanze ca moritaniya na Fulani, Cherif Mohamed Aly Aidara yavuse mu mugihumbi kimwe n'amajana icenda na mirongo itanu n'icenda (1959) muri Darou Hidjiratou, agacimbiri ko muri komine Bonconto, muruhande rwa Kolda, mubumanuko bwa Senegal yatangujwe na Se. Se ni Cherif Al-Hassane Aidara, umunyamoritaniya ava Lakhal mubwoko bwa Laghal bwo muri muritaniya avuga ko ava mumuryango ukomoka kuri Cherif Moulaye Idriss w’umuganwa Idrisid, mugihe nyina wiwe ari Maimouna Diao, umunyasenegal wo mubwoko Fulani umugore akomoka m'umuryango wa Diao.[2] Nk’umunyasenegal Sharif, Aidara avugako akomoka kumuryango w'intumwa Muhammad.[3]

Inyuma y'ukurangiza inyigisho kama za islam muri Senegal, vyinshi yigishijwe na Se, Aidara yabandanije ivyigwa vyiwe kuri Alliance française muri Paris, m'Ubufaransa. Avuga neza icarabu, icongereza, n’igifaransa, pulaar, hamwe na wolof.[4] Mwenewabo Cherif Habib Aidara n’umurongozi wa komine Bonconto.[5][6]

Mumwaka w'ibihumbi bibiri (2000), Cherif Mohamed Aly Aidara yashinze ishirahamwe mpuzamakungu Mozdahir muri Senegal.[7] Aidara yashimikiye munyigisho nomubijanye n’iterambere, nkomubijanye iterambere kama m’uvyumubano, guteza imbere muvyo gukoresha ibanki yab’islamu hamwe nomukwongereza kumenyesha Shi’I Islam muri Senegal.[8][9]

Muvyo yakoze ubwambere, Aidara yashimikiye muvyiterambere n’imigambi ijanye n’ivy’indero cane cane mugihande Casamance(Fouladou) co mu bumanuko bwa Senegal, mugabo yaraguye kuva muri Senegal gushika mubindi bice vyomuburaruko bw’Afrika, gushiramwo Mali, Guinea Bissau, Burkina Faso, Ivory Coast,[10] hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu ajejwe ibijanye n’ifungurwa nka World Food Programme.[7]

Aramaze kubaka nokwagura umuryango Mozdahir mubice vyo muri Senegal nka Dakar, Dahra Djoloff, Kolda, Ziguinchor, Saloum, hamwe na Vélingara. Yaranatanguje n'umuryango Mozdahir mugacimbiri komuri Nadjaf Al Achraf arongera arafasha muguteza imbere Teyel na Foulamori, hamwe n'ishuri n’imisigiti vyubatswe murubwo bucimbiri.[10]

Aidara yarongeye araha inzira isamirizi Mozdahir FM muri Dakar, n’isamirizi Zahra FM muri Kolda (raba kandi urutonde rw’isamirizi muri Senegal).[4]

Ibitabo mugifaransa:[4]

  • Ukuri mw’isinzi yintumwa
  • Sayyidda Zaynab (pslf) intwarikazi wa Karbala
  • Isengesho ry’intumwa Muhamadi bivanye nabagize umuryango wiwe.
  • Ghadir Khoum : asigura ibihe vya Ghadir n'ijambo rihambaye ry'intumwa gushika uno munsi.
  • Achoura umunsi w’umubabaro n’umunsi w’umunezero
  • Ishingiro ry’ibijanye n’ubutunzi bwa islamu.
  1. Leichtman, Mara A. and Mamadou Diouf. (2009). New Perspectives on Islam in Senegal: Conversion, Migration, Wealth, Power and Femininity. New York: Palgrave Macmillan.
  2. Qui est Cherif Mohamed Aly Aidara.
  3. Leichtman, Mara A. (2015). Shi‘i Cosmopolitanisms in Africa: Lebanese Migration and Religious Conversion in Senegal. Bloomington: Indiana University Press, Public Cultures of the Middle East and North Africa series.
  4. 4.0 4.1 4.2 Portrait de Cherif Mohamad Aly Aïdara. Institut International Mozdahir.
  5. Présentation de Chérif Habib AÏDARA.
  6. SORTIE DU MAIRE DE BONKONTOU : Les précisions de Chérif Habibou Aïdara.
  7. 7.0 7.1 Diop, Macoumba (2013). L'introduction du chiisme au Sénégal. In Histoire, monde et cultures religieuses 2013/4 (n° 28), pages 63-77.
  8. Finance Islamique : « C'est un moyen de lutte contre la pauvreté » (Chérif Mohamed Aly Aïdara, Président de l'Institut Mozdahir International). Politique221.
  9. Sénégal : 127 jeunes de Vélingara s'informent sur l'islam chiite. Shafaqna.
  10. Le chiisme au Sénégal Mozdahir. Shia Africa.