Igise

Kuva Wikipedia
              Igise

Muhora mwumva ngo "umukenyezi ari ku gise". Ng'ibi ivyo mwomenya kw'ijambo igise

Iyo umukenyezi agiye kwibaruka, duhora twumva ngo "yagize igise". Abakenyezi bamaze kwibaruka, baremeza ko "igise kibabaza bidasanzwe"

Mbega none igise ni iki?

Kubwa muganga B.C ngo "mu gihe umukenyezi ageze kuvyara, haraba impinduka nyishi mu mubiri mu ntumbero yo gutegura inzira umwana acamwo. Hariho rero inkaburamubiri zigwirirana muri ico gihe zigatuma n’igitereko kiza kirikanya (contractions utérines). Uko kirushiriza kwikanya, ni nako kirushiriza kwuguruka"

Abandanya asigura ko "muri uwo mwanya w’igise, umuvyeyi akirindiriye ikibondo, arababara cane. Ububabare bwinshi abwumva munsi y’umukondo n’igice c’umugongo gitumberanye no munsi y’umukondo nyene".

Muri ico gihe c’ububabare ari bwo bwitwa igise, abakenyezi barakunze kuvuga amajambo badashatse, bitumwe n'uburemere bw’ubwo bubabare

Muri ayo majambo, abatari bake bavuga bariko baraboroga canke barira. Hariho mbere n'abandi batuka abagabo ngo ni bo nkwezi y’ubwo bubabare

Mu bakenyezi twayaze, aya niyo majambo yagumye agaruka, nk'ayakunzwe kuvugwa muri uwo mwanya : "Sinzopfa nsubiriye kuvyara", "yooo Mana mbabarira", "Yesu/zu", "mbega uyu mwana afise urutwe nk'urwa se ?" 🫢

Ikindi, nk'uko abo bakenyezi twayaze babivuze, ngo bahejeje kwibaruka, ntibasubira kwibuka ayo majambo yose kubera umunezero wo gukikira ikibondo Cabo baba baronse.