Cibitoke

Kuva Wikipedia

Cibitoke ni intara imwe muri cumi n'umunani zigize igihugu c'Uburundi. Iyo ntara ikaba iherereye mu burengero bushira uburaruko bw'ico gihugu. Ni intara uravye ahantu iherereye ihagaze neza kuko ihana urubibe n'ibihugu vy'Urwanda hamwe na Repubulika Iharanira Intwarorusangi ya Kongo(RDC). Ni intara izwi cane kubera yimbukamwo ibitoke vyinshi kandi hakaba havayo n'inzoga bita urwarwa ihingurwa mu bitoke benshi bakunze gutazira izina ry'imwe mu ma Komine agize iyo ntara bita Rugombo.

Hagati mu gihugu, intara ya Cibitoke ihana urubibe n'intara ya Kayanza hamwe n'intara ya Bubanza.