Abahutu

Kuva Wikipedia
Abahutu

Abahutu : Ubwoko bw'Abahutu ni ubwoko bw'abantu buboneka mu karere ka Afirika y'ibiyaga binini (mu Burundi, mu Rwanda, muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, muri Tanzaniya be n'agace ko mu Buganda).

Mu Burundi no mu Rwanda, abahutu ni bo bagize igice kinini c'abantu baba muri ivyo bihugu.

Mu binjana n'ibindi vyagiye birakurirana, biravugwa ko abahutu be n'abatutsi(ubundi bwoko buri muri ako karere) bagiye bararwana gushitsa hatanguye intwaro y'abami iyo ikaba yari ihurikiyemwo ubwo bwoko bwose.

Abahutu n'abatutsi bafise imico n'imigenzo imwe. N'imbere yuko haza igikirisu, kandi bavuga indimi zigomba gusa : mu rwanda bavuga ikinyarwanda , Mu Burundi bakavuga ikirundi. Abahutu bari batunzwe ahanini no kurima, kudandaza n'utundi mugihe abatutsi bari aborozi cane cane b'inka . Iciyumviro c'amacakubiri cagiye gukomezwa n'abakoroni. Hagiye haraba intambara nyinshi zifatiye kuriryo vangura ry'amoko aho twovuga ihonyabwoko ryakorewe abahutu 1972 Mu Burundi hamwe n'ihonyabwoko ryakorewe abatutsi 1994 Mu Rwanda.

Inkomoko be na kahise Ingene baboneka kumubiri Muri poritike be no mu bikorwa vya reta Ayandi makuru

Abahutu bivugwa ko ari bo batanguye kuba aha mu karere k'ibiyaga binini inyuma y'abitwa Abatwa. Ariko ivyo bisa n'imigani kuko atacemezo kiraboneka. Ibivugwa ku bwoko ubu canke buriya nka vyose biba bifise utunenge kuko har'ubwo usanga harimwo ugutyozanya kw'aba na bariya. Muri politike z'igihugu, nko mu Burundi, bigaragara ko Abahutu boba bari barakumiriwe kuva kuri repubulika ya mbere kuko wasanga intwaro yiganjemwo abo mu bwoko bw'Abatutsi.