Chris Ndikumana

Kuva Wikipedia
Amakuru yihariye
Ivuka Ku ya 15 Ruheshi mu 1973
Bujumbura, Burundi
Ubwenegihugu Umurundi
Ico akora Umuvugabutumwa
Azwi ku Ikiganiro Kanguka
Yubakanye na Nadia Iteka (m. 2010)
Indimi Ikirundi, Igifaransa, Icyongereza
Abana Reb Teresa Shima, Joshua Senga, Eliane Irankunda, Witness Baho
Urubuga https://kanguka.com/
Chris Ndikumana

Chris Ndikumana ni umuvugabutumwa w’Umurundi. Azwi nk’uwuremesha ikiganiro Kanguka.[1]

Ndikumana yarigishije yongera ararongora ibikorane muri Afrika y’ubuseruko no muri Afrika yo hagati, akaba aheruka mu gihugu ca Cameroun mu Bubiligi, mu Bwongereza, muri Reta zunze ubumwe za Amerika no muri Canada.[2]

Ubuto bwiwe[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]

Chris Ndikumana yavutse itariki 15 Ruheshi 1973 i Bujumbura, mu Burundi. Ni imfura mu bana batandatu. Ku myaka mirongo ibiri, mu 1973, yarabaye mw’ikanguro ryo mu buryo bw’impwemu aca aba umukristo. Yize kuri Kaminuza y'Uburundi ariko ntiyahejeje amashure kubera ubwicanyi bwabaye mu 1995. Inyuma y'aho, yaragerageje kubandanya amashure mu gihugu ca Africa y'epfo, ariko ntivyashobotse. Mu nyuma, yaciye atangura gukora mu rudandazwa rw’ubutare agenda muri Republika Iharanira Demokarasi ya Congo (RDC) aho yahatswe kwicwa aranapfungwa mw’ikambi y’abasirikare kuko bamwihenzeko bibaza ngo ni umusilikare w’umutatsi ariko bahavuye bamurekura. Yahavuye atahura ko Imana yamucishije murizo ngorane zose kugira imukomeze.[2]

Umwuga[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]

Chris Ndikumana azwi nk’umurongozi wo mu buryo bw’impwemu arondera gukangura abakristo no kwemerera Mpwemu Yera gushitsa ubugombe bw’Imana. Yaratanguje ikiganiro Kanguka akurikiye iyerekwa n’umuhamagaro wiwe uvuye ku Mana.[3] Ibiganiro vya Kanguka biboneka mu rurimi rw’Icongereza,[4] Igifaransa[5] n’Ikirundi.[6]

Itariki 18 Munyonyo 2023, Ndikumana yarigishije inyigisho yitwa «La Puissance de Yeshua»[7] (Ubushobozi bwa Yeshua) imbere y’abantu bagera ku bihumbi amajana abiri (200 000) kuri stade Japoma i Douala muri Cameroun.[8][9] Igikorane camaze amasaha arenga atandatu. Mu bitavye igikorane, harimwo Samuel Dieudonné Ivaha Diboua arongoye akarere ka Littoral mu gihugu ca Cameroun.[10][11]

Ndikumana n’umurwi wiwe barashizeho Application Kanguka igeze ku bantu barenga umuliyoni bamaze kuyishira muri ngendanwa zabo, ikaba iboneka kuri Google Play no kuri App Store ya Apple.[12]

Ubuzima bwite[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]

Mu 2010, Chris Ndikumana yarubakanye na Nadia Iteka.[13] Mu 2023, uwu muryango ufise abana bane : Reb Teresa Shima, Joshua Senga, Eliane Irankunda na Witness Baho.

Ndikumana avuga neza ururimi rw’Igifaransa, Icongereza n’Ikirundi.

Notes[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]

  1. "Kanguka – Chris Ndikumana". Radio Elyon (in Igifaransa). Retrieved 2023-11-28.
  2. 2.0 2.1 NGONO, Danielle (2023-11-22). "Tout savoir sur le pasteur Chris Ndikumana dit Kanguka". Culturebene (in Igifaransa). Retrieved 2023-11-28.
  3. Kanguka.
  4. Kanguka.
  5. "Kanguka Français". YouTube. Retrieved 2023-11-28.
  6. "Kanguka Kirundi". YouTube. Retrieved 2023-11-28.
  7. "La Puissance de Yeshua (Kanguka Douala 2023) by Chris Ndikumana". YouTube. Retrieved 2023-11-28.
  8. NDOCKI, Zenabou (2023-11-20). "Une croisade du Pasteur Chris Ndikumana regroupe deux cent mille personnes à Douala". Journal Chrétien - Actualité mondiale sur les chrétiens, l'économie, le sport, la santé, la société, les médias et les nouvelles technologies. Retrieved 2023-11-28.
  9. "Chris Ndikumana / Kanguka: Des hommes en quête de délivrance". Journal Chrétien. 2023-11-19. Retrieved 2023-11-28.
  10. "Cameroun : La Croisade Kangula était à Douala". Afrik (in Igifaransa). 2023-11-20. Retrieved 2023-11-28.
  11. Vérités, Les 4 (2023-11-21). "Une croisade du Pasteur Chris Ndikumana regroupe deux cent mille personnes à Douala". Les 4 VERITES (in Igifaransa). Retrieved 2023-11-28.
  12. Ndikumana, Chris (2023-09-30). "Kanguka". Apps on Google Play. Retrieved 2023-11-28.
  13. "Réponses aux Questions + Témoignage de Chris et Nadia". SoundCloud. 2014-11-22. Retrieved 2023-11-28.

Liens[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]