IProvense ya Rumonge

Kuva Wikipedia
Jump to navigation Jump to search
IProvense ya Rumonge

Intara ya Rumonge iri muntara cumi n'Umunani (18) z'Uburundi. Intara ya Rumonge yavutse igenekerezo rya 26 Ntwarante 2015, kw'itegeko ryatowe n'inama nshingamateka y'Uburundi kw'igenekerezo rya 25 Ruhuhuma 2015. Rumonge iherereye mu Bumanuko bw' Igihugu, ikaba ihana urubibe n'intara ya Makamba mu Buseruko, Bururi mu buseruko bushira uburaruko, Bujumbura mu burengero. Mu bumanuko bw'Intara ya Rumonge hari ikiyaga Tanganyika. Intara ya Rumonge ifise amakomine atanu ari yo Rumonge, Burambi, Buyengero, Muhuta na Bugarama. Muri ayo makomine yose, ikomine ya Rumonge na Bugarama niyo agarurwa mu bumanuko n' Ikiyaga ca Tanganyika.