IProvense ya Bururi

Kuva Wikipedia
IProvense ya Bururi

Intara ya Bururi iri muntara cumi n'umunani zigize Uburundi. Igizwe n'amakomine atandatu ariyo: Bururi, Matana, Mugamba, Rutovu, Songa na Vyanda. Umugwa mukuru akaba ari Bururi. Bururi ihana urubibe n'intara ya Rumonge muburengero.

Ibibanza vy'iratiro :

- suruse ya Nil na piramide mu Rutovu - amashuha mu Rutovu - ishamba c'imeza rya Bururi

Bururi izwi nk'intara yavuyemwo abakuru b'igihugu c'uburundi babasirikare inyuma y'ukwikukira kw'uburundi mu 1962. Batwaye bakurikirana guhera mu mwaka w'i 1966 gushika mu 1993 vyisubiriza kandi kuva mu 1996 gushika mu 2003.

Abo bakuru b'igihugu akaba araba bakurikira:

- Michel Micombero (1940-1983) - Jean-Baptiste Bagaza (1946-2016) - Pierre Buyoya (1949-2020)

[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]