Amezi y'umwaka

Kuva Wikipedia

Umwaka usanzwe ugizwe n'amezi icumi n'abiri(12).

Kubw'abarundi baho hambere:

Biratangaje ukuntu usanga Abarundi bari bazi ibihe, buri kwezi bakamenya ikiramukiwe gukorwa icarico. Usanga bamenya umurimo uramukiwe kandi batavyumvikanye bose ariko ibikogwa bakabikorera igihe kimwe. N’ukubona baramenya ukwezi bagezemwo, vyari bitangaje cane.

ivy’amezi nk’uko tubisanga mu gitabo citwa “Imigenzo y’Ikirundi”.

Abarundi bo hambere ngo bari baciye ubwenge, kuko bashobora kurimbura umwaka bakamenya aho utangurira n’aho uherera. Umwaka umara amezi cumi n’abiri. Abarundi mu kuyaharura bafundika imigozi. Mu ntango z’umwaka bakagira amafundo cumi n’abiri, ukwezi guheze bagaheza bagaca ipfundo rimwe gushika ayo mapfundo aheze, gutyo bakamenya ko umwaka uheze.

Ayo mezi yari icumi n’abiri akigaburamwo imice ibiri. Hari amezi y’agatasi n’amezi y’ici. Amezi y’imvura ni umunani: Gitugutu, Munyonyo, Kigarama,Nzero, Nyamagoma (Ruhuhuma), Ntwarante, Ndamukiza, Rusama.

Amezi y’ici, na yo ni ane: Rwero (Ruheshi), Mukakaro, Myandagaro na Nyakanga.

Ayo mezi uko ari 12 arafise insiguro n’ico yerekana nk’uko tubandanya tuvyiganigwa na Ntahokaja.

Insiguro ya buri kwezi:

Nzero:

Ukwezi kwa mbere ni Nzero. Nzerere kwari ukwezi abantu bazerera baja gusuma, kwari ukwezi kandi babibamwo amahonda.

Ruhuhuma:

Ukwezi kwa kabiri ni Ruhuhuma ariko bita kandi Kabozambuto ni ukwezi kw’imvura nyinshi irimwo umuyaga ikagwa ihuhuma.

Ntwarante:

Ukwezi kwa gatatu ni Ntwarante. Kurangwa n’iyimbura ry’ibigori, imyungu, n’ibindi. Bimwe bagenda babitengatiye bikoragurika batabona uko bari bubishikane imuhira, umuntu akibaza ati: “Ntwara nte?”

Ndamukiza:

Ukwezi kwa kane ni Ndamukiza. Ni ukwezi usanga imvura ari nyinshi cane inzuzi zikuzura kuburyo utashobora kuja kuramutsa incuti zo hakurya uri hakuno. Ubonye umuntu waca uvuga uti: “Urandamukiriza abo hakurya.” Ndamukiza riboneka uko.

Rusama:

Ukwezi kwa gatanu ni Rusama. Ni ukwezi usanga imvura igwa isamirana ku murambi umwe ku wundi hakaba hariko haraka izuba ukaza ubona isimbiye kuwundi ikagwa imakura.

Ruheshi:

Ukwezi kwa gatandatu ni Ruheshi. Imvura iba icitse, ni kuvuga ici riba ritanguye muri ico gihe. Umuyaga uba ari mwinshi banawita umuyaga w’impeshi.

Mukakaro:

Ukwezi kw’indwi ni Mukakaro. Ivyatsi biba bikakaye vyumye. Muri ico gihe baba bariko batema amahonda, haba kandi ari mw’iyera ry’ibiharage n’ubushaza.

Myandagaro:

Ukwezi kw’umunani ni Myandagaro. Ni ukwezi amahonda aba yandandagaye kandi inka ziba zandagaje ibishakara. Caba ari igihe baba baraciye amasaka bagaca baziha ibishakara zikavyandandagaza.

Nyakanga:

Ukwezi kw’icenda ni Nyakanga kangaza imbwa. Ni ukwezi kwagwamwo imvura y’igisagura bita intsindagirabigega ni na kwo basizamwo.Muri ukwo kwezi haba izuba ryinshi n’inzara kuko ivyo baba barejeje mu kwezi kw’indwi n’ukumunani baba barabimaze bakwita kandi Karangazagisabo.

Gitugutu:

Ukwezi kw’icumi ni Gitugutu gitugutana imvura n’izuba. Ni ukwezi wasanga imvura ari nyinshi n’intuguta.

Munyonyo:

Ukwezi kw’icumi na rimwe ni Munyonyo inyonyora ingamba z’ibiharage. Ni ukwezi usanga ingamba z’ibiharage zaravye hagaca hagwa imvura izinyonyora bikarabuka.

Kigarama:

Ni ukwezi kw’icumi na kabiri. Ni ho usanga inka zihaze ubwatsi zikagaramanga kuko zihaze umuyonga, amapfizi akirirwa arivuga.

Twisunze ayo mezi turabonako ibihe vyaba bihuye neza n'ayo mazina y'amezi.