Igihe c'agatasi

Kuva Wikipedia

Aho hambere hahise abarundi baramenya gutandukanya ibihe vy'imvura ndetse n'ibihe vy'ici. Baravuga ko ari urushana, agatasi ndetse n'ici.

*Ico tubimenyerako* 

Turabire kurutasi:

Baribafise uko bavuga ngo umutasuro: ico gihe warumutasuro w'imvura, imvura yararwa cane babarundi bagaca batangura kurima hama bagatera ibiterwa bitandukanye, Ivyo bitegwa navyo navyo nibi: -Ibiharage , -imyumbati, -bigori, n' -ibijumbu.

Aho haba ari mukwezi kw' icenda. Haba havuye ici bagaca bavuga ngo hageze umutasuro.

Imvura yararwa mugatondo rikarinda rirenga irwa kuko yaba ariyo itanguye bakavugango imvura igutasuriyeko umwaka wose uzorinda uhera imvura ikunyagira.

*Uko vyagenda muri ico gihe:* 

Abagiye kurima bitwaza imitaka kugirango iguye bace bugama abandi nabo yabanyagirira mundimiro nubu icogihe kigeze duca dutangura kwiyegereza imitaka.

Agatasi rero ni ico gihe nyamukuru mu gihugu cacu c'uburundi aho imiryango irima ibitegwa mbumbarugo. Ico gihe gitangura mu kwezi kw'icenda ( Nyakanga). Imvura iba itasuye. Icogihe kikarangira mu kwezi kwa Kigarama(12). Rero kuva muri Nyakanga gushika muri Gitugutu abantu baba bariko barateragira ivy'agatasi bakazokwimbura mu kwezi kwa Kigarama (12).