URUSHANA

Kuva Wikipedia

Ibihe by'imvura m :burundi ni kuva mukwezi kw'icenda kugeza mu kwezi kwa gatanu, gusa mugihe ca none hasigye hari ingorane ry'ihindagurika ryibihe kwisi, birashika no mu Burundi invura igacererwa gatoya canke ikagwa imbere yaho abanyagihugu bari bayiteze ko izogwirako.

Ibihe vy'ubushuhe bigaragara hagati y'ukwezi kwa gatanu hamwe n'ukwezi kw'umunani,

=== Climat isiguse gusumba ===: Co kimwe nkigihugu c'u Rwanda giherereye mu majaruguru y'igihugu C'u Burundi, iki gihugu bivugwa ko ari gito muri Afurika yo hagati ndetse na Africa y'ubuseruko, cegereye ekwateri kandi giherereye mu majepfo y'isi, cigajwemwo ikirere gishuha hamwe n'ibihe vy'izuba, igihe c'imbeho ari naco gihe cinvura. U Burundi bukaba ari igihugu kimwe mubihugu bihuriye kukiyaga Tanganyika.

Urushana:[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]

Urushana[1] ni igihe invura[2] iba iriko ragwa cane mu Burundi[3]. ico gihe akaba ari naho invur iba iriko iravomera imirima ib yaratewe, haba kumitumba ahakunze kwitwa "muhira", hamwe nibiba vyaratewe mumwonga.[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]

igihe c'urushana ciganjemwo imbeho nyinshi cane cane mu yahoze ari Intara ya Bururi cane cane mu yahoze ari commune Mugamba[4], no mubindi bice bimwe bimwe vyigihugu cu Burundi [5]nkahitwa mw' ijenda, no mubindi bice vyegereye ikibira, nahonyene harkunda gukanya cane. Inka zo mumitumba niho zahora zironkera akoyoko mugihe c'urushana kuko haba hari ubwatsi bwinshi kumisozi, kandi ubwatsi burenvye inka ntizicwa ninzara mbere nibindi bitungwa akaba aruko nyene. Kubantu biba bigoye gato kubera aba ari igihe cinvura nyinshi cane hari igihe rimwe rimwe ibuza abantukuja kurima canke gukora iyindi mirimo yo murugo.

Ubushyuhe burashobora kugabanuka hafi 0,6 ° C kuri metero 100 z'uburebure kandi imvura ikiyongera mugihugu, I bujumbura umurwa mukuru w'ubutunzi, mu burengerazuba bw'igihugu ndetse no ku nkombe z'ikiyaga cya Tanganyika, hakunda gushuha niyo aba ari murushana. Ubushyuhe bwumunsi burashuha cane umwaka wose, hafi 30 ° C. Ubushuhe bworoheje burashobora kugera hafi 18 ° C k'umwaka wose. Imvura igwa buri mwaka igera kuri milimetero 800, cank metero 0.8. Imvura iragwa cane kuva mu kwicenda gushika muri nzero, ikanabandanya gushika mukwezi kwa gatanu canke mumpera zukwakane. Muri Nyanza-Lac, mu majepfo ashira uburengerazuba bw'Uburundi ndetse no ku nkombe z'ikiyaga ca Tanganyika, ubushuhe burasa cane n'ubw'umurwa mukuru w'ubutunzi. I Gitega kumurwa mukuru w'igihugu c'U Burundi, ubushyuhe ntarengwa (bityo kumurango) burashusha (hafi ya 25 ° C), Mwijoro (hafi 13 ° C). Igihe cimvura naco kirakomeye kuruta mu murwa mukuru w'ubutunzi.

Refferences[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]

  1. https://www.yaga-burundi.com/?s=Urushana
  2. https://minembwecapital.com/invura-yurubura-idasanzwe-yazindutse-igwa-muri-minembwe-no-munkengero-zaho/
  3. https://www.bbc.com/gahuza/topics/cz74k7gdkv4t
  4. https://fr.wikipedia.org/wiki/Mugamba
  5. https://www.radiyoyacuvoa.com/a/6821432.html