Akomeye mu mutwe

Kuva Wikipedia

Akomeye mumutwe

Umuntu yitwa ko akomeye mumutwe igihe ashobora gukora neza mu buzima bwa minsi yose, agakorana n’abandi, agafata ingingo, akagira ico aterera mu kibano, akamenya ingene yigenza mu bintu bimusagirije uko vyoba biri kwose, ndetse no mu bihe bigoye, akongera agashika k'ukunezerwa bikwiye. Indwara zo mumutwe ni indwara zihungabanya amagara y’umuntu mumutwe.

Impunzi zirakunda gufatwa n’indwara zo mumutwe kubera ivyo zaciyemwo m'ubuzima bihahamura. Igihugu c’amavuko cabo kenshi kirakenye kandi nta mutekano ukiranga, bashobora kuba barahungabanirijwe m'ubuzima, barabuze canke barazimije ababo, canke bapfunzwe.

Umuntu avugwa ko akomeye mumutwe kandi, mu gihe ashobora kwikura mu ngorane zikomeye agafata ingingo nziza kandi ibereye.

Ubwoko bwinshi bw’indwara zo mu mutwe[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]

Hari ubwoko bwinshi bw’indwara zo mu mutwe, hakaba n’uburyo bwinshi bwo kuzivura. Kwihebura ukaguma wijiriwe niyo ndwara yo mu mutwe ikunda kuboneka. Izindi ni :

[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]