Jump to content

Akomeye mu mutwe

Kuva Wikipedia

Akomeye mumutwe

Umuntu yitwa ko akomeye mumutwe igihe ashobora gukora ibikogwa neza neza mu buzima bwa minsi yose, agakorana n’abandi, agafata ingingo, akagira ico aterera mu kibano no kukazi, akamenya ingene yigenza mu bintu bimusagirije canke bilushikiye uko vyoba biri kwose, ndetse no mu bihe bigoye aba arimwo, akongera agashika k'ukunezerwa bikwiye. Indwara zo mumutwe ni indwara zihungabanya amagara y’umuntu mumutwe.

Impunzi zirakunda gufatwa n’indwara zo mumutwe kubera ivyo zaciyemwo m'ubuzima bihahamura. Igihugu c’amavuko cabo kenshi kirakenye kandi nta mutekano ukirangamwo, bashobora kuba barahungabanirijwe m'ubuzima, barabuze canke barazimije (batakaje) ababo, canke bapfunzwe abandi bagapfa.

Umuntu avugwa ko akomeye mumutwe mu gihe ashobora kwikura mu ngorane zikomeye agafata ingingo nziza kandi ibereye.

Ubwoko bwinshi bw’indwara zo mu mutwe

[hinyanyura inyandiko | hinyanyura inkomoko]

Hari ubwoko bwinshi bw’indwara zo mu mutwe, hakaba n’uburyo bwinshi bwo kuzivura. Kwihebura ukaguma wijiriwe niyo ndwara yo mu mutwe ikunda kuboneka. Izindi ni :